bp-members-invitationHandballhomepagekirundikirundi_Sports

Handball: Sud yahambije Nord 1 muri final

Imirwi ine niyo yari imaze igihe iriko itana mu mitwe mw’ihiganwa ryatunganijwe n’imishana ihurikiyemwo abakinyi bava mu mirwi itandukanye ya hano iwacu mu gisagara ca Bujumbura.

Mu mpera y’indwi irangiye niho hakinywe inkino za nyuma zo gukuranamwo hagati ya Sud na centre murukino rudasanzwe.

Iyo mirwi ikaba yahuriye ku kibuga cecinga birangira inganije 32-32 bica biha amahirwe Sud kubera yagomboye amanota icenda harimwo umunani akurikirana ya Alain Brax Nkengurutse na rimwe rya nyuma ryinjijwe na Horizana Armel wa Muzinga bica biha amahirwe Sud yo kuzohura na Nord 1 mu rukundo rwa nyuma rwimirije mu mpera zino ndwi.

Ingénieur Désiré Nkurunziza mu kiganiro yahaye Indundi sports yavuze ko mu rukino rwa nya hazoba na final y’abakenyezi .
Mwomenya ko Nord 1 nayo yatsinze Nord 2 amanota 42 kuri 26.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872