BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Happy Famba ngo yahisemwo kurondera ifaranga hagukora umuziki

Happy Famba ngo umuziki yabanje kuwushira ku ruhande ngo abanze kwanza yinjize amafaranga biciye muri The Fighter Production, Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu anavuga n’impamvu yabihisemwo.

Muri ico kiganiro uwo muririmvyi avuga ko igituma yashimye kubanza kwanza kwitaho kuba Manager gusumba kuja kuririmba, ngo nuko ariho aronka amafaranga gusumba mu muziki, yabwiye iyo mboneshakure ko kuri Stage ata mafaranga yaharonka ari ifyeri gusa.

Uwo mugabo akaba yavuze kandi ko ikindi camuteye kubanza kwibanda kuri management ngo nuko yashaka kubanza kwanza gukuza Company yiwe yashinze, The Fighter Production. Iyo ikaba imaze kuzana abaririmvyi batari bake b’abanyamahanga hano iwacu, co kimwe n’ugutegura ibiteramo bitari bike.

Uwo musahiri, Manager, wa Peace and Love yanabwiye umumenyeshakuru ISaac ko ariko kandi ko atahevye umuziki kuko ariko arategura urukurikirane rw’indirimbo zizoshirwa ahabona muri uno mwaka wa 2020, murizo ngo hari amajambo atazokundwa na bose yashizemwo.

Mwokwibuka ko Happy Famba asanzwe ari mu baririmvyi bake bashimye gushira inguvu mu kubanza guca ifaranga mu muziki biciye mu kudandaza abaririmvyi bagenzi babo, aho abo bamaze gukorana biboneka ko hari iyindi ntambwe bateye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775