BurundiEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Hari umwumvikano uri hagati ya Chris Biz na Manager wa Yvan Buravan

Hari umuririmvyi w’umunyarwanda agiye gukorana indirimbo na Chris Biz, naho nawe ata kinini arabishikirizako.

Hari umwumvikano uri hagati ya Chris Biz hamwe na Manager wa Yvan Buravan, uwo ngo ukaba uhagaze ku bikorwa bipfuza kuzokorana vuba kandi cane. Ivyo n’ibishikirizwa na Chris Biz ubwiwe aho yabazwa ivy’urugendo rwiwe I Kigali.

Uwo muririmvyi w’umunyagitega, avuga ko urugendo rwamushikanye I Kigali harimwo ukuganira na Manager wa Buravan uburyo bomukorera indirimbo izoza izananye n’amasanamu yayo. Ariko akaba yirinze kuvuga vyinshi biriko biva mu kiyago cabo, kuko ngo hari ibitaratomoka.

Chris ariko akavuga ko amashusho azoyakorana na Meddy Saleh, nayo amajwi yo ngo azoyakorana na Madebeat. Ariko akavuga ko hari ibikiriko birandikwa muri iyo ndirimbo arico gituma itarakorwa.

Abajijwe ko hari umuririmvyi w’umunyarwanda bazokorana, canke azikorana wenyene, avuga ko akiri wenyene, ariko bishoboka ko hagira uwo bakorana indirimbo.
Mwomenya ko Chris Biz atabashije kumenyesha ryari ako karirimbo abantu bokitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776