BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Harmonize yakoze indenzarugero

Kuri uyu musi wa 3 hiriwe harakwirakwizwa ama foto yafashwe mu masegonda make gusa, Indirimbo ya Harmonize na Ibrah ishizwe ahabona.

Mu mwanya utangana n’umunota Indirimbo ya Harmonize na Ibrah yari imaze gukwiza views zirenga, ivyateye abamenyeshamakuru batari bake bo muri ico gihugu babura ico bavuga.

Ikinyamakuru Clouds Fm mu kiganiro XXL, baganiriye n’umwe mu nzobere za YouTube muri Tanzania ngo agerageze asigure neza nimba vyukuri bishika.

Uwo muhinga yavuze ko atokwemera 100 kwi 100 ko arivyo, kuko ata handi yari bwabone biba.

Ku bokwibaza ko yoba Ari aba Subscribe ba Harmonize bagiye kuyiraba gushika ishike Aho hantu, ngo vyo ntibikunda.

Ahubwo yatanze iyindi nzira ishoboka, iyo nayo ngo n’iy’ukugura ama Views, Aho yavuze ko ico gishoboka, kuko hariho imbuga zisanzwe zigurisha izo Views.

Igishoboka ngo n’uko iyo ndirimbo yoba yashizwe ahabona aruko yamaze gushikana izo Views, ibica bisigura ukwo gushikana izo Views mu mwanya muto cane.

Ageze ku mafaranga vyoba vyamutwaye, uwo muhinga, akaba avuga ko bishobora kuba vyatwaye amafaranga angana n’ibihumbi 8 vy’amafaranga ya Amerika, arenga gato 24,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu.

Ivyo bikaba vyari bisanzwe bivugwa ku ba Tanzania, ariko ubu bikaba vyafashwe iyindi ntera ikomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775