BurundiBusinessCuteEconomyhomepageJusticekirundi

Hatanguye kugenderwa ahari ibintu bigurishwa icamunara

Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 10 Munyonyo 2020 niho hatangura kugenderwa ibintu bigurishwa icamunara biheruka gufatwa mu bushikiranganji bw’ubutungane.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubutungane igenekerezo rya 6 Munyonyo uno mwaka, bwameneyesheje ko ico gikorwa kiri mu ntumbero yo kubungabunga ivyafashwe n’inzego z’ubutungane kugira ngo ntivyononekare ndetse bibandanye bigirira akamaro igihugu  no gukinga inyuruzwa ryavyo.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji Jeanine Nibizi amenyesha ko iryo gurishwa rizorangira ku munsi wa gatandatu w’iyi ndwi turimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767