Basketballgroups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSport

Hazokinwa final mu gikombe c’umukuru w’igihugu

Kuva mu kwezi kwa mbere , ishirahamwe ry’urukino rwa volley ball mu Burundi ryaratunganije ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu ku ncuro yaryo ya kabiri.Imirwi 4 mu bakenyezi na 11 yo mu gihugu cose niyo yitavye iryo higanwa ry’umukuru w’igihugu , murizo 11 mu bagabo zitanu zavuye mu gihugu hagati .

Kuri uyu wa gatandatu niho hazoca uwambaye i Ngozi kuri stade Urukundo mu nkino zanyuma finale Rukinzo izotana mu mitwe na Amical sportif de Bujumbura mu bagabo hama GLC ihure na na Muzinga mu bakenyezi.Umuyobozi muhiga w’ishirahamwe rya Volley mu Burundi David Bigirimana batazira Comos ahamagarira abakunzi b’urwo rukino kuzokwitaba iryo sango akaba yarangije ashimira abamenyeshamakuru b’ingene badahengeshanya kumenyekanisha urwo rukino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885