BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hello Africa igiye no kuboneka ku ma CD 

Indirimbo zigize uruhererekane rw’indirimbo Hello Africa z’umuririmvyi Sat-b, ngo buca zishirwa no ku ma CD.

Ubwo butumwa uwo muririmvyi Sat-b akaba yabuhaye uwurongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi AMB aho yamubaza akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook nimba izo ndirimbo ziboneka no ku ma CD.

Krazzi Bright yagize ati : ” Iyi Album iriho no ku ma CDs Sat B twoyironka gute?”

Uwo muririmvyi ntiyatebeje kumwishura, aho yamubwiye ko izo ndirimbo vuba zizerekanwa ku ma CD, aho yavuze ko bazobamenyesha ikibanza zibamwo.

Nawe yagize ati :” Yes President vuba turabamenyesha aho muzozikura. Murakoze.”

Ibi bimenyeshejwe mu gihe abatari bake baterekwa ugusohora Indirimbo ku ma CD, ahubwo ubu hakaba hijukiwe kuzishira ku ma platform adandaza umuziki, canke kuzitanga ku ma USB, nk’uko umugwi Redemption Voice wigeze kubikora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775