BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hoba hari ikibazo hagati ya Sat-b na Belle Nice?

Uwakurikiranye Stories kuri Instagram z’aba Star zo ku musi w’Ejo,  yarabashije kubona ivyo umuririmvyikazi Belle Nice yanditse kuri urwo rubuga. Akaba yavyanditse mu masaha y’umugoroba nkuko twabashije kuvyibonera.

Uwo muririmvyikazi akaba yanditse amajambo naho ataheraheje ngo haboneke neza uwo abwiye, urondeye indome ziri muri iryo zina riri mu rurimi rw’icongereza, woheza ukabona ko ashobora kuba yavuze umuririmyi Sat-b akaba umukunzi wiwe eka na se w’umwana wiwe.

Yagize ati : “I’m so tired with your Fucking behavior b….y”, bisigura mu rurimi rw’ikirundi ngo Ndaruhe cane n’izo ngeso zawe mukunzi.

Usomye ayo majambo umuntu aca yibaza nimba hari ikibazo kiri hagati y’abo bantu uko ari babiri, canke nimba ari Showbiz yashatse gukora, nkuko dusanzwe tubimenyereye muri abo baririmvyi ba hano iwacu. Tukaba tubandanya dutohoza ayo makuru.

Aha mukamenya ko aba uko ari 2 basanzwe babana, kuva aho baronkeye umwana wabo wa mbere, s’ico gusa kuko ngo ukwo kuba mu bucuti kwabo kwoba kwaratumye umwe mu bigeme bigeze kuba barikumwe muri Empire Avenue akinjura, nkuko we nyene ubwiwe yavyivugiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775