Burundihomepagekirundimusic

Hoba hari ikiriko gitegurwa Hagati ya R Flow na Lokua Kanza

Imwe mu ndoto Kadjimunda Riche benshi bazi nka R Flow yarafise ngo n’ukuganiro na Lukua Kanza asanzwe ari umuririmvyi akomeye hano muri Afrika mbere no kwi’isi yose.

Izo ndoto uwo muririmvyi wacu igihe akorera mu Rwanda yarafise, ngo zahavuye zishika nkuko biboneka ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp aho yashize ahabona mu gace ka Statues ikiyago bagiranye.

Ntiturashobora kumenya vyo baganiriyeko cane ariko ico yerekanye co nuko uwo muririmvyi akomeye w’umunye Congo yamubwiye ko afise ijwi ryiza kandi ko anaririmba neza.

Ubwo hoba hari ikizoca gikurikira, ubona ko ubu baganira nk’abazinanye, Ntawubizi, twizera ko Riche azoheza akabituyagirako.

Mwomenya ko Ivyo bishitse mu gihe uwo muririmvyi abarizwa i Kigali yaheruka kumenyesha ko hari igishasha gishobora kuba kiri mu nzira kiriko kiraza, naho atamenyesheje ryari canke nimba azogikora wenyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765