BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hoba hazokorwa Wezere RMX ya Big Fizzo na Sat-B?

Big Fizzo na Sat-b ngo umwanya n’umwanya bashobora gukorana igikorwa gishasha, ivyo biheruka gushikirizwa na Big Fizzo ubwiwe.

Iyo ndirimbo yategujwe ikaba izoba ije Inyuma y’igihe kirekire abafana basaba ko abo baririmvyi 2 bokorana igikorwa kindi kije gisanga Wezere, Indirimbo bakoze haraheze igihe.

Ivyo vyashikirijwe na Big Fizzo mu gihe bose bari bagize igihe barashikije ko buguruye imiryango, ngo uwosaba ubwa mbere Collabo ntiyoyibura.

Ariko hakaba hari harabuze uwutangura uwundi, hagati ya Big Fizzo na Sat-b, kugira haboneke ico gikorwa cari cemewe haraheze igihe kitari gito.

Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo akaba mu kiyago aheruka kugirana na Iteka FM, yamenyesheje ko uno mwaka wa 2023 utegerezwa guhera ari uko bakoranye igikorwa n’uwo muririmvyi Sat-b.

Muri ico kiganiro, Big Fizzo akaba yasokorojwe iyo nkuru Nziza ku bafana batandukanye n’umusore yari yahamagaye muri ico kiganiro.

Imbere yuko haboneka Big Fizzo na Sat-b bashigikirana mu bikorwa vyabo, birimwo kwitaba ubutumire, gu Posta ibikorwa vy’uwundi, abo baririmvyi bakaba batari bwigere bavuga ikibazo kiri hagati yabo, ariko buri gihe hakaguma haboneka utujambo jambo twitamwo.

Iyo ndirimbo ikaba ishobora kutazokwakirwa neza n’abakurikiranira hafi umuziki wa hano iwacu, kuko nk’umunyarusaku wacu Nelly Nat yaheruka gushikiriza ko ukwo gushira hamwe kw’abo baririmvyi kutari kwiza na gato.

Igituma Nelly Nat atabishigikiye ngo nuko hazoca habura agapiripiri n’akanyu muri Showbizz ya hano iwacu. Mu kiganiro aheruka gutanga yari yamenyesheje ko abafana batohendwe, ngo nibigumire ku baririmvyi babo, abo kwa Sat-b bagume iwe, abo kwa Fizzo ngo bagume iwe.

Naho wumva iyo ndirimbo yemewe, ntiharavugwa neza ryari iyo ndirimbo izokorwa, canke Studio izokorerwamwo, kuko bose uko ari babiri bafise Studio zabo n’abahunyanyuzi babo. Ubu hakaba hagezweho gusaba Imana ngo ntihagire akantu gasubira kwita mu bucuti bwabo noneho ngo ico ciyumviro kizobe kiguye mu mazi.

Ku bavyibuka, aba baririmvyi 2 bakaba aribo baririmvyi baheruka gushikiriza ngo bashizeho amafaranga bataja musi mu gihe ushatse ko mukorana igiteramo, cane cane iyo harimwo umunyamahanga.

Big Fizzo akaba yaheruka gushikiriza ko atazoja muri ya 50M, canke ayangana n’ayo umuririmvyi w’umunyamahanga yarishwe, Sat-b nawe akaba yivugiye Imiliyoni 10.

Naho ibiciro vyashinzwe arivyo, DJ Paulin akunze guha akazi abaririmvyi batari bake kuko ategura Ibiteramo akaba yaheruka gushikiriza ko umuririmvyi amaze guhembwa 10M ku giteramo ari kidumu wenyene nayo Fizzo na Sat-b ngo nta n’umwe arayashikina.

Tugarutse kuri ya ndirimbo Mwomenya ko abo baririmvyi bose uko ari 2 uno mwaka wa 2022 twahejeje bivugwa ko batari mu baririmvyi bakoze neza gusumba abandi.

Big Fizzo akaba yakoze Indirimbo 2 gusa, nayo Sat-b akaba yakoze Indirimbo zitari nke zirimwo na EP yashize ahabona yise Hello Africa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775