BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Honey boo Video Vixen wa Big Fizzo yibagishije amabere

Umwigeme, Video Queen, ari mu masanamu y’indirimbo Body, umuririmvyi Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo yafashije umuririmvyi Boy 23, yibagishije amabere.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram uwo mwigeme asanzwe aba ku mugabane w’Uburayi, yerekanye amashusho y’ico gihimba ciwe c’umubiri yagiye kubagisha mu gihugu ca Turkey.

Mu majambo yabashije guherekezesha iyo shusho, yamenyesheje ko yari yariyemeje kuzokwibagisha ico gihimba, kuko arico gihimba conyene atakunze ku mubiri wiwe naho yiravye ibindi bihimba vyiwe abona ari sawa.

Uwo mwigeme azwi ku mbuga ngurukanabumenyi nka Honey boo akaba muri kino gihe akiri muri ico gihugu kizwiko kugira ibitaro bitari bike bikora ico gikorwa co kubaga abantu bagahindura ibihimba vyabo, haba ibisusu, amabere n’ibindi, aho akiriko arakurikiranigwa n’abaganga gushika ahawe uruhusha rwo gusubira aho asanzwe aba ku mugabane w’Uburayi neza neza muri Pays Bas.

Mwomenya ko uwo murundikazi asanzwe ari umwe mu bakunzwe kuri izo mbuga ngurukanabumenyi nka Instagram na TikTok.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760