DiasporaDiaspora Organizationskirundi

Muri diaspora y’abarundi ni nde atwara? Ni nde afata ingingo?

Haraciye imisi mike cane tubayagiye ko diaspora y’abarundi kw’isi yose yemerewe gukora ku mugaragaro nk’ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politique, ivyatanga umwizero ko ubudumbidumbi bubarizwa muri diaspora bugiye gusezererwa.

Ishusho y’umusi hirwa hakemezwa itegeko rigenga diaspora Ndundi

Icakurikiye n’uko uwuserukira iryo shirahamwe Éric Niragira yaciye ahamagaza inama y’abaserukira abarundi mu bihugu babamwo basohora ingingo y’uko umunywanyi wa diaspora wese yoba afise ikarata imuranga.
Izo karata zikaba zaciye zitangura kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zerekana ko abanywanyi b’iryo shirahamwe bavyishimiye kandi gutanga intererano ishika ku $50 ata kibazo na kimwe bibateye.

Muti none ubu naho havurwa amaki?

Ibi vyaje nk’inkuru y’incamugongo ndetse bikaba vyabaye nk’imbarutso yo kuva mu gacerere k’indongozi za diaspora ndundi.

Ivyo navyo ngo vyoba ari ibiki?

Itangazo ryasohowe na Diomede Richard Misigaro yari yatowe ngo arongore urwego nshingwantwaro ,mu nyuma diaspora imaze kwitwa ishirahamwe ahabwa kurongora urwego rukurikiranira hafi ibikorwa vya diaspora (Conseil de surveillance) ryiyamiriza iryo shirahamwe ndetse rinakombora indongozi za diaspora zatowe mu nama ya bose ibazwa Eric Niragira.
Iryo tangazo ryafashwe nk’itembagazwa ry’inzego ku mvo z’uko Diomede yashizeko umukono nk’indogozi nfatakibanza ya diaspora.

Indongozi za diaspora zikaba zaciye  zisohora itangazo gihutihuti zikengurukira abarundi bariko biyandikisha ku bwinshi kugira haronswe ikarata ibaha uburengazira bwo kwitwa umunywanyi, bakaba bagiriyeko biyamiriza ingendo ya Diomede bise iyo kwimadika ku butegetsi, bagirako bibutse ko ishirahamwe rifise amategeko arigenga, bakagirako basaba Diomede gusaba ikigongwe agahamvya abandi mu kwubaka umunara wa diaspora.
Bakaba bagiriyeko batumako inama y’indongozi yihuta kuri uno wa 18 gitugutu, Indundi Magazine ikaza kubamenyesha ivyavuyemwo, ndetse tukaza no kurondera Diomede kugira aduhe umuco kuri iryo tangazo.

Mwomenya ko Éric na Diomede batowe ngo baserukire abandi mu nama ya bose yabereye i Bujumbura mu mwaka wa 2021, Eric ashingwa kurongora urwego nshingwatwaro , Diomede nawe ahabwa urwerwo nshingwantwaro , nayo dispora ihindutse ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politique Diomede ahabwa conseil d’administration.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 469