BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hosy ngo abarundi ntukabereke ko ubabaye

Kubwa Hosy ngo abarundi ntukwiye kubereka ibibazo ubamwo, ahubwo ukwiye kubereka ivyiza gusa, kuko ngo umweretse ico gice kitari ciza cawe nico akwiciramwo.

Aganira na Musuhura Power Tv, Hosy yavuze ko we adashigikiye ivyo gushira ubuzima bwose hanze ku ma Camera, aho akaba yariko asabwa n’umumenyeshamakuru ko bovuga ubuzima bwa Hosy abantu benshi batazi.

Hosy Irakoze ashigikiye ko abantu badakenewe kumenya ubuzima bw’indani bwiwe, kuko ngo ubazanye mu bibazo ubamwo buri musi hakukwihanganisha ngo bagusubizemwo intege ko ibintu bizogenda neza, ngo ico bakora baca bagucurira.

Yagize ati : ” Abantu ntibakeneye ko babumenya [ ubuzima bw’indani]. Abarundi iyo uje kubereka Vulnerability yawe, niyo bakwiciramwo,… Aho kukubwira pole, bati bizogenda neza, [baca bakubwira] kumbe nawe biragushikira… Muri make nibumve ko ubuzima ntibwama bwera ku bantu bose, hariho ibihe vyirabura, hariho ibihe biryoshe…”

Mukamenya ko Hosy Irakoze uno musi aharurwa mu bamenyeshamakuru bakunzwe cane hano iwacu, ariko kandi akaba n’umwe mu bigeme bakurikiranwa cane ku rubuga rwa Instagram.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775