East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Humvikanye indirimbo nshasha ya Diamond na Tanasha

Diamond ngo yoba yarashatse gufasha Tanasha Donna mu ndirimbo, ariko agatinya ko babona ko ariwe yamudugije, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na kimwe mu binyamakuru vyo muri Tanzania.

Intandaro y’iyo nkuru ngo n’indirimbo nshasha Tanasha yakoranye na Diamond, iyo ikaba itarashirwa ahabona, ikaba yabonetse ku rubuga rwa Instagram rwa mama wa Diamond.

Ico kinyamakuru dukesha ino nkuru kikaba kimenyesha ko uwo muririmvyi yoba yabanje kureka uwo mukunzi wiwe ngo akorane indirimbo n’abandi ngo babanze babona ko yateye intambwe. Izo yabanje hakaba harimwo imwe yakoranye na Mbosso asanzwe ari mu babarizwa muri Wasafi.

Muri kino gihe hakaba hitezwe igikomeye igenekerezo rya 14/2 ku musi mukuru w’abakundana, abenshi bakibaza ko bwoba ari ubugeni, abandi nabo bakibaza ko kwoba ari ugusohoka kw’iyo ndirimbo nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi akaba umumenyeshamakuru I Mombasa muri Kenya kandi akaba n’umukunzi wa Diamond ngo yoba afise umugambi wo guhuza Harmonize na Diamond uwahoze ari shebuja.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769