East Africa Newshomepagekirundi

I Kigali Urwaruka rwihaye ubusambanyi bwo mu migwi

Urwaruka mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ngo rugize igihe rwishoye mu busambanyi cane, aho amayeri abandanya aba menshi gusumba, nkuko ibinyamakuru muri ico gihugu bibishikiriza.

Amwe mu mayeri agize igihe akoreshwa, yashizwe hanze, n’ayitwa Sex Group, aho ubusambanyi bukorerwa mu murwi, aho abakobwa n’abahungu baryamana bose, bahinduranya nk’abasangiye impuzu.

Ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, caganiriye n’umwe mu bakobwa bari bashowe muri iryo bara, gishikiriza ko uwo mugenzo ngo weze mu rwaruka.

Iryo bara nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza ngo Ribera mu mazu atandukanye yakira ibirori, aho hageze igitigiri kizwi, kuko baba batumiranye, noneho bagatangura kwiha akamenyo.

Umwanditsi w’iyo nkuru yavuze ko abagize iyo migwi, ngo basigaye bahayagiza abasore bafise umugongo ukomeye kuko ngo babasha kuryamana n’abakobwa benshi mu mwanya muto.

Abakobwa nabo bakaba ngo baryohererwa kuba ngo babasha kuryamana na benshi, batagoranye, kuko ngo ubu ugusambana ataho bitandukanye n’ukuramukanya.

Naho biruko, hari bamwe muri urwo rwaruka batavyerekwa, kuko babona ko iyo migenzo y’abanyamahanga ata kibanza ifise mu Rwanda, kuko bibatesha ibanga.

Ariko Kandi hakaba hanavugwa ko abishora muri ubwo busambanyi ari abakiri bato, ngo batagira akazi, kuko aribo baronkera umwanya iryo bara.

Ico kinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, kikaba kimenyesha ko iryo bara hari n’abatari bake muribo baryoherwa kurikora batanikingiye, nkuko vyabonetse mu biyago bagirana mu migwi ya Whatsapp baba bahuriyemwo.

Iryo bara ririko riraka indaro muri urwo rwaruka, rikaba rishobora kuba imbarutso y’ikwiragira ry’imigera myinshi iriko iraboneka muri kino gihe, kuko ikigo kijejwe amagara y’abantu mu Rwanda, ibiharuro giheruka gutanga, vyerekana ko abandura cane muri ico gihugu baboneka musi y’imyaka 24.

Ico kigo nyene camenyesheje ko abandura 35%, bari hagati y’imyaka 15 na 21 y’amavuko.

Aha mukamenya ko ico gihugu, giheruka gufata ingingo nyinshi kugira urwaruka ruve ku nzoga, zirimwo kuduza amakori y’inzoga, guhana abaha Inzoga abana, hamwe n’ukugabanya amasaha ubunywero bumara bwuguruye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 752