East Africa Newshomepagekirundi

Kigali hafashwe umugabo yasambanya abagore agaca abica

Umugabo azwi nka Kazungu I Kigali mu Rwanda, yafashwe n’inzego z’umutekano zifatanije n’urwego rujejwe iperereza, kuko yagirizwa gusambanya abakobwa akanabica.

Abakobwa bagera Kuri 12, nibo banuganugwa ko batowe mu kinigo bivugwa ko cari cimbwe n’uwo Mugabo mu nzu yarasanzwe akoresha mu gace ka Busanza I Kigali.

Kazungu akekwaho kwica abo bagore

Urwego rw’igihugu rw’iperereza, rukaba rwatanguye amatohoza ngo hamenyekane igitigiri nyezina c’abagandaguwe, umwidondoro wabo, ariko kandi hanamenyekane imvo zatumye uwo Mugabo Akora ako kabi kabishe, hamwe n’igihe amaze Akora ayo mabi.

Inkuru ziriko ziracaracara zikaba zivuga ko uwo mugabo ahejeje gusambanya, abo bagore n’abigeme yaca abagandagura akabahamba aho yarasanzwe aba, ariko Kandi bikanavugwa ko yoba yahereye kwica umukozi ngo yamufashije kwimba ico kinogo.

Uwo Mugabo ahungiwe ku gipolisi c’akarere yarasanzwe abamwo, akaba aramutse ahamwe n’icaha, azoca ahanishwa icaha c’ugufungwa ubuzima bwiwe bwose nkuko biri mu ngingo y’107 mw’itegeko mpanavyaha mu Rwanda.

Iyo nkuru y’agacamugongo ikaba yaranduye umutima abatari bake mu banyarwanda bavyutse Kuri uyu wa 3 bavyumva hirya no hino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 752