Burundihomepagekirundi_Sports

Mkombozi Lucifer ngo i modoka yarengukanye i Nyanza-lac yonyene yerekana ko aje kubikora koko…

Iwabo w’abaririmvyi benshi bamenyekanye hano iwacu, iwabo w’abakinyi b’umupira w’amaguru bashitse Kure ngo n’i Nyanza lac na cane cane i Kabonga aho Mkombozi yaraye yerekaniye ubushobozi bwiwe, ahagatiwe n’intare mu muziki w’ikibiriraho zamenyekanye nka les Jumeaux Music.

Hari kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante Ku kibuga c’umutumba Nyabigina ahari hateguriwe igiteramo co kwakira umu Diaspora azwi kw’izina rya Samuel Ndayiragije yari azanywe no gushikiriza imigambi afitiye uwo mutumba, ndetse n’i komine ya Nyanza-lac muri Rusangi.
Aho i Nyabigina ivyo birori bikaba vyugurujwe icese n’umuziki w’ikibiriraho wa les Jumeaux Music, inyuma y’Imisa yabereye kw’i sikirisale yaho , maze bisozerwa n’igiteramo ca Mkombozi.

Icabaye nka gishasha kuri Mkombozi akaba ari uko yaririmvye indirimbo nyishi zitambika abantu baratamba baratarika, nayo ku bakuzi b’umudiho wa Hip hop akaba atabibagiye barashoboye gukora rap mu muziki w’ikibiriraho.

Abari bitabiriye ivyo birori bakaba bagiye baturitsa agatoke Ko bwabiriyeko bagishaka guteramana nuwo muririmvyi, nayo ngo kubona yabahereje umusi neza ngo ntagitangaje yaje yiteguye bagira bati :” Yemwe MWe! Mweee! I gari hene yamurerura ndeweee! Ntiyari kureka kuturyohera mwambaa!”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 828