BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Ibidandazwa vya Soul Seller Squad bigeye kubura

Mu misi ya vuba, bimwe mu bidandazwa vya Soul Seller Squad, Label y’umwe mu baririmvyi ba hano iwacu bigeye kubura mu bibanza bitandukanye bisanzwe bidandarizwamwo. Ivyo nivyo iyo Label yashikirije bacishije ku rubuga rwabo rwa Twitter, noneho binashirwa ku mbuga zindi basanzwe bakoresha.

Imvo zashikirijwe n’uko abo basanzwe bakorana mu guhingura ivyo bidandazwa, bagize ikibazo c’ibura ry’ibikoresho bimwe bimwe arico gituma bahisemwo kuba bahagaritse gushira kw’isoko ivyo idandazwa vyabo.

Bagize bati : “ Bitewe n’ibura rya bimwe mu bikoresho vy’uruganda rwabo dusanzwe dukorana mu guhingura ibidandazwa vyacu ubuyobozi bwa @soulsellersquad buramenyesha abakunzi n’abafatanyabikorwa bayo ko buhagaritse vy’agateganyo urudandazwa muma duka yaho basanzwe badandariza imari zabo. Murakoze. ”

Soul Seller Squad ikaba ari Label ya DJ Prince canke Preeze36,umwe mu baririmvyi bakora neza hano iwacu. Nayo bimwe mu bidandazwa vyari vyizwi kuba badandaza akaba ari nk’imipira yanditseko izina ry’iyo Label yabo, kandi akaba ari muri bake bari basanzwe bafise ibidandazwa nkivyo vyamaho.

Mwomenya ko Preeze36 ari no mu baririmvyi batari aba vuba, kuko yatanguye umuziki haraciye igihe, eka mbere akaba atatanguye aririmba, ahubwo yatanguye avuza umuziki, ariko mu nyuma aza kuririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775