Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Ibidasanzwe bitari bimenyerewe nivyo vyaranze Basketball i Bujumbura

Menya ibintu bine bidasanzwe kandi bitari binamenyerewe vyaranze Basketball i Bujumbura mu ndwi twaraye dusozereye.

Urunani ruhahagaritse umuvuduko wa Kern

Ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura ryarabandanije hanakinwa inkino nyinshi cane.

Kern yatsinzwe n’Urunani amanota 47 kuri 53 , Ally Ndayishimiye w’Urunani yinjije amanota 15 mu gihe kizigenza wa Kern Alvin Ninziza yinjije 14.

Ubugeni bwa Valentin Kavakure, Nzobambona Armel batazira Shiti hamwe n’ubwa Willy Nijimbere

Uwurongoye umurwi wa Mutanga United Kavakure Valentin yarubatse urwiwe kuri uyu wa gatandatu mu bigo vya Hotel B.R.A .

Willy Nijimbere batazira Wallace yaranditswe muri Reta akaba yubakanye na Divine Nshimirimana yigeze gukinira Les copines.

Ubugeni bwa Willy na Divine
Ubugeni bwa Willy na Divine

’’Bamwe ngo ku kibuga ntibaba bajanywe na kamwe, abandi ngo bakundanye kera none aramujanye.’’

Uwundi yubatse urwiwe yitwa Armel Nzobambona batazira Shiti yigeze gukinira imirwi ya New stars na Muzinga akaba yahora ari mu bamenyereza ba Kern akaba yubakanye n’uwitwa Nina .

Igaruka rya Sokoroza Francis batazira Savuka

Umukinyi w’igihangange Sokoroza Francis yarakinye urukino rwahuje Aigle noir na New stars kuri uyu wa gatandatu.

Uyo mukinyi akaba yarafashije New stars gutsinda Aigle noir ku manota 154 kuri 68 .

Indundi Sports ikaba yifurije abo bakinyi ubugeni bwiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874