BurundiÉnergieHealthhomepagekirundiSanté

Ibiharuro bishasha vya Coronavirus gushika kuri uyu wa 2 Kigarama

Ubushikiranganji bujejwe kubugabunga amagara y’abantu no kurwanya sida bujejej gushira ahabona ibiharuro bishasha vya Covid-19.

Gushika kuri uyu wa 2 Kigarama umwaka w’2020, abantu bamaze kwandira coronavirus bagera ku 692. Abakize bose hamwe ni 630 nayo abakirwaye ni 61.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko mu bipimo vyo muri aya mezi abiri aheze, kuva aho ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye hamwe n’iyindi mipaka y’uruja n’uruza vyugururiwe, mu batowe ico kiza ca coronavirus, ibice 95 kw’ijana ngo ni ivyo abantu baje bava hanze y’igihugu, na cane cane mu bihugu bibanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765