BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ibihushane mu vyavuzwe kw’iyibwa rya ka gahamagazo ka The Ben

Agahamagazo ka The Ben kahavuye ngo gafatwa n’abajejwe umutekano, inyuma yaho havugiwe ko kibwe, ariko Kandi hakananuganurwa umwe mu baririmvyi bari bicaranye ko ariwe yayivye.

Mu makuru yatangajwe, hamenyekanye ko The Ben mu giteramo co kw’igenekerezo rya 30/9, citiriwe meet and Great yabashije kwibwa agahamagazo yarafise, ariko Kandi hakaba hari n’abandi bashika Kuri 5 n’abo bibwe uduhamagazo twabo. Utwibwe twamenyekanye Ni IPhone 14, hamwe na SamSung Galaxy S23.

Nkuko ikimenyeshamakuru Jimbere cavyanditse ku rubuga rwabo rwa Facebook, ngo The Ben yabonye ko agahamagazo kiwe kibwe avuye kuririmba, aho yaja kuramukanya abatanze agatubutse muri ico giteramo.

Ico kimenyeshamakuru nyene kikaba cabandanije kimenyesha ko hari amakuru baronse bahawe n’abateguye igiteramo bavuga ko hari aba Serveur baketswe muri ubwo busuma, bakaba bavuze ko bariko barondera aho bazinyegeje.

Inyuma y’amasaha makeya cane, ikindi kimenyeshamakuru gikorera Kuri Facebook, Iteka Magazine, kikaba caciye candika ko agahamagazo ka The Ben ko kabashije kuboneka, kuko hari abasore 5 bafashwe n’inyamiramabi, bakekwa kwiba ako gahamagazo, noneho baheza baragatora.

Ikibanza cibwemwo ako gahamagazo kafashwe n’inyamiramabi akaba ari aho yashikiye nkuko vyandikwa na Iteka Magazine, ibitandukanye n’ivyanditswe na Jimbere, kuko yo yavuze ko ivyibwe vyibiwe mu giteramo ca The Ben.

Gushika ubu akaba ata kinyamakuru kiraba kuvuga amakuru mashasha kuri iryo yibwa n’ifatwa ry’utwo duhamagazo, kaba ako Kwa The Ben canke utwo twabo bandi bibwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759