homepagekirundi_Sports

Urukundo yakunda Kidumu nigwo gwa muteye kwifuza kwifotozanya nawe.

Mu kiganiro ” Indundi Hit Show” Co kur’uyu wa Kabiri igenekerezo rya 03/10 2023, umutumire umuririmvyi Magic Soldier Kingorongoro .

Muri ico kiganiro ahanini bagarutse k’umuzingo w’indirimbo (Album) yaraye ashize ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe zose adandarizako ibikorwa vyiwe harimwo na YouTube.

Uwo muzingo w’indirimbo (Album) akaba yawise SHINE akavuga ko yarikuye kw’izina ry’umwana aheruka kwibaruka akaba ari nawe ari kw’Isanamu y’ico gikorwa cabonetsemwo abaririmvyi ba rurangiranwa benshi batandukanye aha twovuga nk’umuririmvyi MB DATA, PABLO TIKEN, Chris & Junior n’abandi .

Abajijwe impamvu Kingorongo Fondation itashoboye kubandanya ifata mumugongo Impano kandi bari batanguje ico gikorwa yishuye avuga ko mu miryango y’abana babifashe nabi batangura kwibaza ko abana babo bagira bigishwe uburara gutyo bashima kubihagarika kugira babanze bige .

Abajijwe uko yinjiye mu ruganda rw’umuziki avuga ko ari imvukira y’igisagara ca Bujumbura ahazwi nko mu Kinama yakuze akunda umudiho WA de RAP, ati ” abanzi mu myaka ya 2008 Mu kamenge banyita umu RAPERI wambere mu gihugu akiri muto mwiza kubera Impano narimfise “.

Bizabishaka Mystère yamenyekanye nka Magic Soldier KINGORONGORO mu kanyamuneza keshi avuga ko yakuze akunda umuririmvyi KIDUM ngo yoba yaranashatse kumushira mur’uyu Muzingo w’indirimbo (ALBUM) ariko KIDUM ntiyahavuye aboneka.

KINGORONGO ari mu baririmvyi baje mu Ruganda rw’umuziki bakamenyekana n’ingoga cane cane Kundirimbo yiwe ” ILE ILE ” yakoze muri 2016, utibagiwe kandi indirimbo nyishi yagiye arakorana n’ibihangange butandukanye mumuziki ndundi nka BIG FIZZO, CHANY QUEEN, ENDO MIKE n’abandi .

Ikiganiro “Indundi Hit Show” cose mu buryo bw’amasanamu ushobora kukironka kuri YouTube kumboneshakure ” Indundi TV “

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807