BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ibimenyetso vyerekana ivavanura rya MB Data na label ya MA

Mb data ntakibarizwa mu nzu y’ubuhinyanyuzi ya MA Production, ivyo bikaba binabonekera mu bikorwa ibi na biriya ariko arakora ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Kimwe muri ivyo bimenyetso nuko uwo muririmvyi ariko aramenyekanisha urubuga rushasha rwa Youtube ngo agiye kuza arashirako indirimbo ziwe, aho ni mu gihe urwo yarasanzwe akoresha rubarizwako amashusho ashika 18, nayo abamukurikiranye kuri urwo rubuga bakaba bashika 18,600. Urwo rubuga narwo rukaba rwari rumaze imyaka 2 rutanguye gushirwako amasanamu.

Mu makuru duheruka kwandika kuri runo rubuga aho twavuga ku bagize Label yo muri MA, twabamenyesheje ko bose bafise uko badakurikirana abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha. Ku musi wa 3, nukuvuga igenekerezo rya 3 ruheshi, twakubitiye kuri urwo rubuga dusanga n’abo yakurikirana nta numwe agikurikirana.

Ariko hampande y’ivyo bimenyetso, uwo muririmvyi akaba yaraniyemereye biciye ku murongo wa Telephone ko atakiri kumwe n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi yamufasha, ariko akaba yamenyesheje ko ata vyinshi yoshima kubivugako.

Umuntu yokwibaza rero ico urwo rubuga rwa kera rwa MB Data ruzohava rubandanya rushirwako, canke nimba ruzohava ruhindurirwa izina noneho habandanye hashirwako izindi ndirimbo z’abari muri MA, canke nimba hazohava humvikanwa ngo babashe kuraba uko basubiza hamwe, canke bakorana noneho urwo rubuga rusubire mu minwe ya MB Data.

Mukibuka ko akaririmbo kiwe ka nyuma yaheruka gushira ahabona ari akaririmbo YAYAYA yakoranye na Kidum, ubu kakaba kari kamaze gushikana abarenga 17,000 bamaze kukaraba. Nayo muri MA akaba ahasize Kingorongoro nawe amaze amezi makeya ahashitse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775