africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Ibimenyetso vyerekana ko Diamond na Tanasha batakiri kumwe

Ibimenyetso vyose Bihari muri kino gihe vyerekana ko Nasibu Djuma benshi bazi nka Diamond atakiri kumwe n’umukunzi wiwe Tanasha Donna. Ivyo ni nkuko uwo mukunzi atakibarizwa muri Tanzania, ariko ageze muri Kenya.

Uwo mwigeme akaba azoba abaye uwundi avanye nawe mu gitigiri kinini kinagoye kudondagura c’abakobwa bamaze kugenda nabo, muri ino myaka 10 amaze mu muziki. Ariko abamenyekanye cane bakaba ari Tanasha bitaranatomoka neza ko bavanye, Zari bafitanye abana 2, Mobeto bafitanye umwana 1, hamwe na Wema Sepetu we banamaranye igihe kitari gito.

Abo bose bakaba bavana ata numwe amuvuga neza. Zari we akaba yari yaramenyesheje mu mwaka wa 2019 ko uwo muhungu atazopfa ahindutse na gato, ngo kuko agatoki kamenyereye gukomba kama gahese, ivyo akaba yabiyagiye ikinyamakuru Millardayo aho camutemberera muri Afrika y’epfo aho asanzwe aba.

Bikaba rero gushika ubu bivurwa ko Tanasha avanye na Diamond bivuye kuko ngo yoba asigaye afise uwundi mukobwa basigaye basohokana. Uwo mwigeme bamuvugako akaba ari umwigeme baheruka gukorana mu ndirimbo aheruka gushira ahabona muri ino misi ya Vuba.

Ukuri kukaba kugoye kumenya kw’icoba kigira gitandukanye abo bavyeyi 2, ubona ko kuri Instagram ya Tanasha yakuyeko abantu bose bamukurikira bafise aho bahuriye na Diamond Platnumz, barimwo mama wiwe, mushikiwe, Mbosso bakoranye indirimbo n’abandi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 558