IKIRUNDI_news

Icatumye Babbi akorana na Dr Claude camenyekanye

Kimwe mu bibazo abantu bibajije ni kuberiki Dr Claude yari ku kibuga c’indege aho umuririmvyi Babbi yashika I Bujumbura. Ico kibazo ku bakurikirana ibikorwa vy’uwo muririmvyi bumvise inyishu mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo Njana yahuriyemwo na Dr Claude, yamenyesheje aho yaganira na Landry Promoter ko asanzwe ari umufana akomeye wa Dr Claude, ariko kandi ngo n’iyo nararibonye nayo ngo n’umufana wiwe gose. Ivyo ngo s’ivy’uno musi ahubwo ngo biramaze imisi.

Babbi yagize ati :“Dr Claude nta bintu vyinshi namuhaye, ugiye gusoma mu ma comment y’indirimbo kwasakwa, Till I die urasangamwo iza DR Claude.  Yari umujama, yari umugenzi, twarayaga, rero hamaze kuza kwiyumvira gukora indirimbo n’umuririmvyi w’umuririmvyi wo mu Burundi, vyari vyoroshe cane kwiyumvira Dr Claude.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yamenyesheje ko indirimbo “Njana” itari Audio gusa, kuko n’amasanamu ari inyuma, ariko akavuga ko umuzo w’iryo sanamu bizobafata akanya kubera irimwo ibintu vyinshi birimwo intambo z’umugwi munini w’abatamvyi.

Yongera ati :“Isanamu irahari, n’isanamu nini isaba imisi 3 kuyifata, harimwo ibintu vyinshi vyo kwubaka. Buri musi twubaka ivy’uwo musi, ni video irimwo hafi abatamvyi 30.”

Ayo masanamu akaba ariko akorwa na Landry SB, nayo Audio ikaba yakozwe na Yves Kolly. Uwo muririmvyi akaba ataramenyesha nimba azohava akora izindi ndirimbo hano iwacu, ariko ikimaze kumenyakana coco nuko afise umugambi wo gutahuka kuza kuba mu gihugu c’Uburundi mu myaka 10 iri imbere.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe aba muri Leta zunze ubumwe za Amerika, akaba ashitse irya mbere hano mu Burundi kuko yerekeje muri ico gihugu ava mu gihugu ca Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020