DiasporaIKIRUNDI_news

Kuba hafi y’umuryango wa Nziza Désire nico gikuru muri bino bihe vy’Umubabaro

Inyuma yaho twumviye inkuru y’umubabaro yahavuye inemezwa na Nziza Désire disire ubwiwe , ayo makuru yavuga ko uwo muririmvyi yabuze uwo baheruka kurushinga hamwe.

Nziza Désire akaba yabuze abuze uwo bari bamaze amezi make bashinze urwabo azwi kw’izina rya Bijoux, aho yari amaze ameze agera kw’icumi ari ku musego.

 

Bikaba ari ibintu bitamenyekanye cane kuko kuva akiri umugeni nyene amagara yiweniho yameze nk’ayamwanse, abaganga bagasanga yarasinzikajwe n’ikivyimba co munda.

kuva ico gihe biranka gushima aho mu gatondo ko kuri uyu wa16 mukakaro 2020 ku bitaro vya Roi Khaled, niho humvikana inkuru y’incamugongo yavuga ko umutambukanyi wa Nziza Désire Bijoux tutakirikumwe mu mwuka w’abazima.

Indundi Magazine ikaba ihojeje umuryango wabuze, anakungurira abakunzi b’umuziki kuba hafi uwo muririmvyi ataco atakoze kugira abakunzi b’umuziki baronke ikibashika ku nyota.

Kumupfubana iteka bikaba bizakuba unomusi igenekerezo rya 17 mukakaro Ku mpanda
Ikirio kikaba Kiriko kibera kurugi rwiwe muri commune Buterere Quartier Miroir.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 39