East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Amakareso ateje uruhagarara mu Rwanda mu mikino ya Beach Volleyball

Kwambara ico benshi bita Bikini mu gihe bakina umukino wa Beach Volleyball ku bigeme, n’ibisanzwe ku bazungu, ariko kubera umuco w’abanyafrika n’umuco w’abazungu bidahuza ku nyambaro zimwe zimwe, vyatumye uwo mwambaro utavuko rumwe n’abakinyi bari mu Rwanda.  

Amakuru dukesha ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, avuga ko umurwi nserukiragihugu w’abigeme wa Beach VolleyBall Rwanda warahiye uruma ko udashobora kwambara Bikini muri iyo mikino. Muvyashikirijwe woba wisunze umuco w’ico gihugu usanzwe uterekwa ivy’ukuba umuntu ashobora kugenda ubusa. Bikaba vyaciye bituma uwo murwi witabira iyo mikino ya Beach Volleyball Word Tour-2 iriko ibera I Gisenyi mu Rwanda bambaye amakabutura n’imipira.

Imbere yuko uwo murwi ubasha gukina iyo mikono, ico kinyamakuru kimenyesha ko habanje kuba inama z’urutavanako z’abarongoye Federation ya Volleyball mu Rwanda, noneho babona kubemerera ngo babashe kwitabira iyo mikino.

Umwe mu bakinyi yaganiriye n’ico kinyamakuru yamenyesheje ko ubu bisa n’ivyateje ikibazo kuko basamaye batabimenyesheje imbere y’igihe, kuko mu nkino zaheruka, bari babimenyesheje hakiri kare, noneho bahabwa uruhusha rwo kuzikoresha ata nkomanzi.

Mwomenya ko iyo mikino yitabiriwe n’imigwi irenga 50 iserukira ibihugu vyabo. Izo nkino zikaba ziriko zibera mu gisagara kiri mu Ntara y’Uburengerazuba mu karere ka Rubavu, ahahoze hitwa Gisenyi, ako karere kakaba gahana urubibe n’igisagara ca Goma muri leta iharanira intwaro rusangi ya Congo (DRC).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 809