homepagekirundi

Icerekana ko Knowless na Clement babanye neza ngo s’impeta

Butera yatomoye neza ko ivy’urugo rwiwe na Clement batabiganirira ku kazi, kandi n’ivy’akazi batabiganirira mu rugo, kuko ikibanza cose kigira ico bakiganiriramwo.

Icerekana ko umubano wa Butera Jeanne benshi bazi nka Knowless na Clement ari mwiza, ngo s’igishoka kiboneka ku maso, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Butera ubwiwe mu kiyago n’imboneshakure Igihe Tv.

Muri ico kiganiro uwo muvyeyi w’umwana umwe, Ishimwe Butera Or, yavuze ko impeta zabo bagize igihe batambara ngo zizongera zigasubira kuboneka, ariko ngo igikomeye hagati yabo n’isezerano ryabo riri ku mutima.

Butera yanagarutse ku buryo babanye aho yavuze ko igihe baba bariko barakorana hagati yabo ngo bitandukanye cane. Aho akavuga ko bari mu kazi ari Manager n’umuririmvyi wiwe, ariko ngo bari mu rugo n’umugabo n’umugore.

Yanatomoye neza muri ico kiganiro n’iyo mboneshakure ko ivy’urugo batabiganirira ku kazi, kandi n’ivyakazi batabiganirira mu rugo, kuko ikibanza cose kigira ico bakiganiriramwo.

Aho ni mu gihe badasiba kuvuga ko uwo muryango usa n’uwutacumvikana, bamwe bagafatira ku mpeta itaboneka ku ntoke zabo, naho abo bari barigeze gutanga insiguro c’iyo zaroye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755