BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Jamal yavuze ku bivurwa ko Mb Data yamutwaye ikibanza mu muziki ndundi

Ikibanza ca Yoya Jamal mu muziki ndundi ngo kiracahari, nayo kuvuga ko Mb Data yamusubiriye, ngo n’ukumusubiza hasi.

Abatari bake ngo bavuga ko umuririmvyi Yoba Jamal yoba yarasubiriwe mu muziki ndundi, uwamusubiriye nawe akaba Mb Data, ariko we arabibeshuza yivuye inyuma.

Mu kiyago n’imboneshakure mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Jamal amaze imyaka 4 atabarizwa i Bujumbura avuga ko ikibanza ciwe mu muziki ndundi kigihari kuko atarapfa.

Nayo Mb Data umwe mu baririmvyi yemera ko baririmba neza, avuga ko abantu badakwiye kuvuga ko ari mu kibanza ciwe, kuko ari ugusubiza hasi Mb Data.

Jamal akaba yabishikirije mu kiganiro yanavugiyemwo ko Lolilo aza mu kibanza ca 3 havuye Kidum na Big Fizzo mu baririmvyi yemera. Aho ni mu gihe Kidum we atamushize muri 4 ba mbere yemera mu Burundi, aho abakurikirana urubuga indundi Magazine bibazaiyo ari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760