BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Icizere ca Views 100,000 mu masaha 24 nticashitse

 

Ku musi w’ejo hasohoka Indirimbo Body ya D One na Social Mula, icizere kwari uko iyo ndirimbo ikwiza Views 100,000 mu masaha 24 gusa, ariko bikaba bitakunze.

Mu masaha hafi 36 iyo ndirimbo isohotse ikaba imaze kurabwa n’abarenga 86,000, ukumva ko habuze gato ngo icizere abafana bamwe bamwe bari bafise gishike.

Iyo ndirimbo ikaba isohotse mu gihe urubuga rwa YouTube rusohokerako Indirimbo z’uwo muririmvyi ruheruka guhindurirwa izina ruhagabwa izina ryiwe, mu gihe rwahora rwitirirwa Management akukira.

Abantu batari bake bakaba babona ko uwo muririmvyi yamaze gufata inzira yo kurondera kumenyekanisha ibikorwa vyiwe hanze y’igihugu, mu gihe hano iwacu aharurwa mu baririmvyi bakunzwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775