BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Icizere ca ya Ndirimbo nshasha kiriko kiraboneka

Mu misi iheze ku badukurikiranira hafi, muribuka ko twari twababwiye ko Mugani yari yamenyesheje ko ashobora gushira ahabona igikorwa gishasha.

 

 

Icizere ko iyo ndirimbo ishobora kuboneka vuba kibandanya kirwira, nkuko biboneka ku mbuga asanzwe akoresha, Mugani yasubiye Kandi ku kivi hano iwacu.

Uwo muririmvyi aheruka gushika i Bujumbura, yasangije abafana biwe ku mbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha amashusho ari muri studio, aho abafana batari bake baciye bakoma amashi bashima ko bagiye kubona Indirimbo ziwe nshasha.

Ikitaramemyekana nuko iyo yoba ariko arakora ariyo izosohoka canke hazosohoka iyindi, co kimwe n’uko izosohokana amasanamu canke izosohoka ari amajwi gusa.

Big Fizzo akazoba asohoye Indirimbo inyuma y’amezi 9 asohoye akaririmbo gaheruka, ako nako Kakaba ari “Hangama” kasohotse ari Audio kakaba kamaze kurabwa n’abarenga 86,000 kuri rubuga rwiwe rwa YouTube.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775