footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Ifungwa rya Ronaldinho ryatumye hatabwa muri yompi abarenga 20 muri Paraguay

Ubu uriko usoma ino nkuru Ronaldinho umukinyi wa kera w’umurwi Barcelona kandi n’umwe mu bakinyi bakoze ibikora inka mu mugwi nserukiragihugu wa Bresil ngo abarizwa mu gihugu ciwe c’amavukiro. Aho n’inyuma y’amezi 5 abarizwa mu gihugu ca Paraguay aho yarafungishijwe icamaso.

Uwo mukinyi akaba yahawe uruhusha rwo kuva muri ico gihugu kuri uyu wa 1 aho bari bahejeje kumucira urubanza. Ronaldinho akaba yaciwe ihadabu ry’amafaranga 90,000 $ yababa 180,000,000 y’amafaranga ya hano iwacu.

Mwenewabo na Ronaldinho nawe nyene yafatanywe nawe akaba nawe yaciwe ihadabu ry’110,000 $, akaba yasabwe kuzokwama buri mezi 4 aca imbere y’umucamanza muri Bresil mu kiringo c’imyaka 2.

Ronaldinho hamwe na mwene wabo akaba yagirijwe gukoresha urupapuro rw’inzira, Passport, rw’inyiganano. Akaba yafashwe ngo yarajanywe muri ico gihugu no kumenyekanisha igitabo.

Muri aya mezi 5 yaramaze afunzwe, abantu barenga 20 bakaba karatawe muri yompi aho harimwo abakozi bakorera igisata kijejwe abinjira n’abasohoka muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891