East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Igihano Rayvanny ashobora guhanishwa n’umunyororo w’imyaka 30 n’ihadabu ry’ ama Shillingi 5,000,000

Umunyororo w’imyaka 30 n’ihadabu ry’amafaranga imiliyoni 5 z’amashillinga ya Tanzania ngo nico gihano gihanishwa umuntu agendanye n’umunyeshure. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umunyamategeko umwe muri Tanzania mu kiganiro yahaye imboneshakure Bona Tv yo muri ico gihugu.

Ico gihano wumva n’igishobora guhabwa umuririmvyi Raymond benshi bazi nka Rayvanny mu gihe hoboneka ivyemezo ko umwana w’umukobwa Paula Kajala aheruka kuboneka barikumwe ari umunyeshure.

Itegeko mpanavyaha muri Tanzania kandi ngo ntiriraba imyaka uwo muntu aba afise nimba ari imyaka yo kwitwa umwana canke imyaka yo kwitwa umuntu mukuru, ariko ngo mu gihe acitwa umunyeshure ngo aca ahanishwa ivyo bihano twababwiye aho hejuru.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho abatari bake berekanye akababaro kuri iyo nyifato ya Rayvanny. Bamwe mu bagize ico bashikiriza harimwo Harmonize  yanditse amajambo atari make ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yavuga ko uwo muririmvyi mugenziwe ashobora kuba ashaka kwerekana ko ari hejuru y’amategeko.

Umuvyeyi w’uyo mwana avugwa gusohokana na Rayvanny ni Kajala agize imisi asohokana na Harmonize, mukibuka ko abo uko ari 2 batavuga rumwe kubera ko babarizwa muri Label 2 zitarabana ryiza muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769