africa newsHealthhomepagekirundi

Igihugu kigira kabiri muri Afrika catowemwo coronavirus

Mw’itangazo yaraye ashize ahabona abicishije ku mboneshakure y’igihugu ENTV, umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Algeria yemeje ko umuntu wa mbere bamusanzemwo ingwara ya coronavirus imaze igihe ihekura abantu canecane mu gihugu c’Ubushinwa.

Uwo mushikiranganji azwi ku mazina ya Abdel Rahman Ben Bouzid yavuze ko uwo murwayi ari umugabo wo mu Butaliyano yashitse muri ico gihugu ca Algeria kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma uwu mwaka, bakaba ngo bamaze kumushira mu kibanza ca wenyene kugira ntiyanduze abandi.

Inyuma y’ayo makuru, umukuru w’igihugu ca Algeria Abdelmadjid Tebboune yashikirije ku rubuga akoresha rwa Twitter ko asavye abajejwe amagara y’abantu muri ico gihugu hamwe n’abenegihugu kwikingira uko bishoboka kwose kugira ngo ico kiza ntigihave gisaba indaro muri ico gihugu.

Mwomenya ko Algeria kibaye igihugu kigira kabiri muri Afrika kimenyesheje ko catoye umurwayi w’ico kiza Coronavirus, inyuma y’igihugu ca Misiri cari catangaje muri uku kwezi nyene kwa Ruhuhuma ko catoye umurwayi w’ico kiza yamara mu nyuma kikaza kumenyesha ko cashanze nyamuntu yakize atayo agifise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755