BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Igihuha c’uko Esther Nish yavyaranye na Kidum carahungabanije abakunzi babo

Ivyavuzwe ko Esther Nish yavyara ye ba Kidum ngo vyarabakozeko bose, yaba ku ruhande rwa Kidum, co kimwe no ku ruhande rwa Esther Nish ubwiwe.

Mu kiyago yagiranye na Juste Gael, uwo mwigeme yavuze ko Kidum yasa n’uwutarabanye ryiza n’umutambukanyi wiwe bivuye kuri ayo majambo yavuzwe n’abatari bake.

Nish yanavuze Kandi ko atari Kidum wenyene yahagiriye ibibazo, kuko n’umukunzi wa Nish nawe ntiyasigaye inyuma mu kugira amakenga menshi kuri ico kibazo.

Nkuko Nish yabandanije abiyagira Uwo mumenyeshamakuru ngo bavyifashe neza. akabivuga yisunze yuko Nish yarafise uruvugiro kuko umwana yavutse haheze igihe kitari giti avuye muri Kenya, Kandi asanzwe anafitanye imigenderanire myiza n’umutambukanyi wa Kidum.

Nish nkuko yabandanije abiyagira iyo mboneshakure “Umukubito”, ngo Kidum amufata nka sekuru.

Mwomenya ko Indirimbo “Umbamwo” Nish yakoranye na Kidum yamaze kuja mu gitigiri c’indirimbo ndundi zimaze kurabwa Incuro zirenga 1,000,000 ku ruvuga rwa YouTube. Iyo ndirimbo ikaba ibarizwa kuri YouTube ya Kidum.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775