BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Igikurikira Indirimbo n’igiteramo coba ari iki?

Igenekerezo rya 26/11 I Kigali hazoba igiteramo kizitabirwa n’abasore babarizwa muri Biliman Boy. Ico giteramo kikaba citiriwe Buja in Kigali.

 

Ico giteramo kizoba kibaye ica mbere abo basore bakoreye i Kigali, mu bagiteguye harimwo umugwi ukorana na Bruce Melodie ariyo 1:55AM entertainment.

Ico giteramo giteguwe inyuma y’aho abo basore babonekeye i Kigali aho vyavuzwe ko bagiye gukora indirimbo izobahuza n’umuririmvyi Bruce Melodie, uno musi ari rutumwako muri Africa y’ubuseruko.

Ivyo biriko biraba naho atawarazi ko arivyo vyimirijwe, vyaraboneka ko abo basore hari ikintu bariko barategura kiganisha I Kigali, bivanye n’ibimenyetso bagiye basiga mu nzira.

Imbere gato yo kwerekeza i Kigali, abo basore uko ari 2 babanje gukora Unfollow abantu bose bakurikirana ku rubuga rwa Instagram, noneho bakurikiranira umuntu 1 gusa, ariwe Bruce Melodie. Ico gikorwa kikaba cateye abantu kwibaza ubucuti buri hagati y’abo basore na Bruce Melodie.

Ukwo gukora Unfollow kukaba kwagiye mu gitigiri c’ibindi, kuko Double Jay yaheruka kumenyesha abafana ko Indirimbo izokurikira ari indirimbo arikumwe na Bruce Melodie. Gusa ntibizwi ko iyo ndirimbo iriko irakorwa hagati ya Double Jay, Kirikou na Bruce Melodie yoba ariyo yavuzwe na Double canke hoba hariho iyindi arikumwe na Bruce ari 2 gusa.

Kuboba batavyibuka, nuko hari Indirimbo Double Jay afise yakoranye na Kenny sol. Iyo ndirimbo yahawe akazina ka Body ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 1,300,000 ku rubuga rwa YouTube rwa Kenny Sol, ubona ko ariho bashimye kuyishira.

Naho atakiravugwa, birashoboka ko Double Jay na Kirikou boba bamaze kuja mu minwe y’uwo muririmvyi w’umunyarwanda. Ubona ko ibimenyetso vyose vyerekeza mu musi y’uburongozi bw’uwo muririmvyi.

Wohava rero wibaza ivyo bimenyetso ivyarivyo, kuko ata kiravugwa ku mugaragaro kijanye n’ubucuti bagiye kwunga.

Ku bamaze kuraba neza, abamenyeshamakuru b’abanyarwanda baza mu Kibanza ca 1 baboneka ko bashigikiye abo baririmvyi, bakaba ari Yago akorera kuri Yago Tv Show, hamwe na Lucky Nzeyimana akorera imboneshakure y’igihugu c’Urwanda mu kiganiro c’imyidagaduro citwa Versus. Abo bamenyeshamakuru uko Ari 2 bakaba bazwi cane Kuba ari abamenyeshamakuru ba hafi cane n’umuririmvyi Bruce Melodie, aho inkuru ya Bruce Melodie yose Isa nkaho ibonekera iwabo.

Ndabibutse ko Bruce Melodie akorera igiteramo I Bujumbura, yaje azananye na Yago, nayo i Kigali uwagumye agaruka cane kuri ico giteramo haba ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe co kimwe no mu kiganiro akora, akaba Ari Lucky Nzeyimana mu kiganiro Versus.

Tuvuye ku bamenyeshamakuru, nuko umuririmvyi Kenny sol aheruka gukorana na Double Jay, ari umwe mu baririmvyi bafashijwe na Bruce Melodie igihe kitari gito, mu vyabashije kuvugwa nuko atari musi y’uburongozi bwiwe, ahubwo ngo yari umujanama wiwe, akanamufata ukuboko kugira abashe kuduga.

None inyuma ya Kenny Sol hakurikiye uwo muririmvyi Bruce Melodie, ibica bituma habaho ukwibaza utubazo tutari duke, tujanye n’imyigenderanire iri hagati ya Bruce Melodie n’abo basore uko Ari 2.

Ivyo bikaba bica vyiyongere ku vyashikirijwe na Fata Ku mavuta aheruka hano iwacu, ategurira inzira Bruce Melodie mu giteramo, aho muvyo yashikirije yerekanye neza ugushaka kw’abaririmvyi b’abanyarwanda gukorana kwa hafi n’abaririmvyi b’abarundi, ubona ko abaririmvyi batari bake bashasha b’abanyarwanda bamaze imisi baboneka hano iwacu bahakorera ibiteramo.

Ukwo gufatana rero kwa Bruce Melodie n’abo basore uko Ari 2, gushobora kuba kujanisha mw’ishirwa ry’amafaranga mu Muziki w’abarundi bigize imisi biriko biraboneka ko biriko bikorwa n’abanyarwanda, ubona ko aha iwacu ibijanye n’urudandazwa ruvugwa mu muziki tubanonwa na benshi. N’abarubona bakaba basa n’abakwega ibirenge kubera ubwoba bwo kutagarukana utwo baba bashizemwo.

Igishoboka rero kikaba ari uko abo basore uko Ari 2 boba bagiye gushirwamwo amafaranga na 1:55 AM Entertainment ikorana na Bruce Melodie, canke aribo bagiye guhagararira ibikorwa vyabo mu rwanda.

Ku bari I Kigali, reka tubatumire kuzoshigikira abo basore bacu bari hiyo, bazokorera muri Guilt Club Aho ukwinjira Ari 10,000 frw angana 30,000 vya hano iwacu.

Tutaribagira, muribuka ko vyari vyavuzwe ko Bantu Bwoy ya Big Fizzo yoba ifise Indirimbo ya Double Jay na Bruce Melodie bafashe kubera uwo musore atakibarizwa muri uwo mugwi wamufashije gutera intambwe. Ivyasabwa ngo irekurwe, bikaba vyavugwa ko joba ari amafaranga, kugira uwo mugwi umuhe iyo ndirimbo yari yananuganuzwe, ariko yaba ku ruhande rwa Bantu Bwoy, ku ruhande rwa Bruce Melodie, ku ruhande rwa Biliman boys bose bakaba bararuciye bararumira, ntibagira ico bavuga kuri iyo ndirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775