homepagekirundimusic

Igipfungu cari ku ndirimbo ya Meili cahavuye 

Indirimbo nshasha Meili yaheruka gushikiriza ko vuba ija ahabona, yahavuye amenyesha akazina kayo, n’uwo bayikoranye.

Inyuma y’urugendo yaherukamwo mu gihugu c’Ubugande, bivugwa ko uwo muririmvyikazi yakozeyo indirimbo zitari nke, zirimwo iziwe wenyene hamwe n’ama Collabo.

Muri izo Collabo hakaba hamaze kumenyekana 2 gusa, imwe ya Ykee Benda hamwe n’iyindi y’umuririmvyi Fik Fameica.

Ku musi w’eji Meili akaba yari yamenyesheje ko atazi iyo azotangura gusohora, ariko uno musi akaba yerekanye iyo azoshira ahabona.

Iyo ndirimbo yari irindiriwe akaba yamenyesheje ko izoshirwa ahabona kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12/8.

Kuri uyu wa kane, Meili yerekanye Cover y’indirimbo yakoranye na YKee Benda nk’indirimbo azoherako mu gusohora, iyo ikaba yahawe izina rya Mine.

Mukamenya ko hari n’izindi yakoreye muri Tanzania nazo ngo zikirindiriwe, eka mbere hakaba harimwo na Collabo yakoreyeyo vyanavuzwe ko yoba yakoranye na Zuchu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757