BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ibimenyeshamakuru vyimwe amahera, navyo bica vyirabira Kwa ba Yoya

Ibimenyeshamakuru si vyinshi vyabashije Kuza biravuga ikibiriraho amakuru y’ivyariko biba mu biteramo vya The Ben, uretse gusa amakuru mabi mabi yagiye akwiragizwa hirya no hino.

Ukwo kuntu ibimenyshamakuru bitabashije kuvuga cane ivyariko biraba hari abatari bake barimwo abakoresha imbuga ngurukanabumenyi batanguye kuvuga ico bavyibazako.

Nkuko twabashije kubibona hari abafatanije ukwo kutavugwa cane, n’ukuba abategura ibiteramo batabashije kuriha ibimenyeshamakuru ngo bibashe kumenyekanisha cane ico giteramo.

Uwo twabonye Kuri Twitter, akaba yamenyesheje ko bidakunda ko  bokwamamaza igikorwa nka kirya ku buntu, kandi hatanzwe amafaranga menshi cane kugira bikunde ico gikorwa kibashe kuba.

Ico akaba yagifatanije n’uko abaririmvyi babasha kuriha amafaranga menshi cane mu bikorwa bitandukanye birimwo muri Studio, kuriha ikorwa ry’amasanamu y’iyo ndirimbo, ariko bikanka ko babasha kuriha amafaranga ibimenyeshamakuru ngo bimenyekanishe iyo ndirimbo.

Ibi bikaba bitandukanye n’ivyabaye umusi The Ben ahonyoza ikirenge I Bujumbura, kuko hari isinzi ry’abantu ku kibuga c’indege, ariko Kandi hakaba hari n’ibinyamakuru n’aba Youtubeur batari bake bagiye kumwakira.

Gushika ubu rero akaba ata wuzi vy’ukuri icoba cabaye ngo ibinyamakuru bimwe bimwe bisanzwe binakomeye hano iwacu, ntibishikirize ibiriko biraba ikibiriraho muri ico giteramo.

Ikinyamakuru ca hano iwacu cabashije kuboneka muri Meet and Greet y’igenekerezo rya 30/9, kivuga cane Kuri ico giteramo, kikaba ari Jimbere Magazine.

Ibinyamakuru bitari bike vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, giturukamwo uwo muririmvyi The Ben yari hano nk’umushitsi, bikaba arivyo vyabonetse muri iki giteramo bigaruka cane Ku nkuru zitandukanye zaranze ico gikorwa.

Inkuru zitari nke zakozwe Kuri ico giteramo, zikaba zakozwe n’ibinyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, vyari vyarungitse abamenyeshamakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759