africa newsEast Africa Newshomepagekirundi

Igipolisi camupfunze inyuma yo kwirega ko yari muri Al shabab

Umupasiteri yafatishije umukirisu yireze ko yahoze mu murwi y’iterabwoba wa Al Shabab mu gihugu ca Somalia.

Muri Kenya igipolisi cahamagawe inyuma yaho umugabo yatuye asaba imbabazi, aho yavuze ko yigeze kuba ari mu mutwe w’iterabwoba wa Al Shabab.

Uwo mugabo atabashije kumenyekana ngo yahora mu gihugu ca Somaliya aho yari muri uwo murwi w’iterabwoba uheruka no kugira ibitero bitari bike muri Kenya.

Muvyashikirijwe n’abashikirizamanza biwe harimwo ko uwo mugabo yamenyesheje ko afise amakuru akwiye ashobora gufasha Kenya gukinga ibitero bishobora gukorwa muri ico gihugu n’izo nkozi z’ikibi.

Uwo mupasiteri yahamagaye igipolisi ntiyabashije kumenyekana, co kimwe n’urwo rusengero yaturiyemwo yicuza icatumye aja muri iyo mirwi y’iterabwoba.

Ayo makuru akaba abandanya amenyesha ko Kenya yashizeho umugambi wo gufasha kugorora abahoze muri iyo mirwi y’iterabwoba. Uwo mugambi ukaba washizwe mu buseruko bushira uburengero bwa Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755