BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Igitari Dudu yigiyeko kiracariho kandi kiranamusumba imyaka

Dudu Niyukuri yatanguye kuvuza umuziki ahereye ku gitari, bitanamworoheye kuko ico yabona hafi yiwe bitakunda ko agikoresha kubera ko vyari bibujijwe.

Mu nyigisho zariko zitangwa na Pasteur Dieudonne Nahimana, uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca kenya yamenyesheje ko yatanguye kwga igitari akoresheje igitari gikozwe mu migereni, kandi naho nyene arico bafundikanije. Ivyo bikaba ngo se afise igikomeye cari mu nzu.

Kuko atarafise uburenganzira bwo kugitora, Dudu yahavuye arondera uwufasha, ariwe yari umukozi wiwabo, noneho bakora igitari, ariko arakimutana ngoabandanye avyikorere, akimutana kigeze ku mirya 3.

Yaragerageje biranka, apfa kuvuza uko cari kimeze, noneho bimuviramwo umugisha wo kuronka igitari ciza, ariko ku kiguzi co gukomereka bikomeye, arinaco catumye se amwegurira ico gitari kimusumvya umwaka umwe, kuko se yakiguze ataravuka.

Dudu uno musi akaba ari umuhinga muvy’uguhinyanyura, mbere akaba yaranize ibijanye n’umuziki muri afrika y’epfo ari navyo uno musi bimutunze.

Dudu akaba ari umuhinga muvyo kwubaka amazu aberamwo ibiteramo kugira amajwi azogende neza, umuhinga mu kugura gukora no kuvuza ibikoresho bisohora amajwi, kugira amajwi asohoke asukuye atababaza.

Mwomenya ariko ko hampande yaho asanzwe ari n’umuririmvyi yashize ahabona indirimbo zitari nke zafashije kandi zigifasha benshi mu bihe vyabo vyo guhimbaza Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799