BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Gusaba impanuro Big Fizzo koba Ari akagaye

Abaririmvyi b’abarundi ngo bishwe n’ukwisuzugura, ivyo n’ibiheruka gushikizwa na Mugani Desire mu kiganiro yakoreye kuri Radio Indundi culture.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko we adashobora kukurengana yumvise ko ufise ico umurusha, arahagarara akakikubaza, kugira agire ico akurahurako.

Uwo muririmvyi yabandanije avuga ko ataraba umuririmvyi ubuto bwiwe, kuko ngo ashobora kuba Ari muto, ariko akaba afise ubumenyi bwinshi mu kintu kanaka.

Nayo ku kibazo c’uko badashaka gutanga impanuro ku baririmvyi bagenziwe, Mugani yavuze ko ata muririmvyi yamwegereye yanse kumugira inama. Kubwiwe ngo abo baririmvyi bakiri bato nibo badashaka kubegera ngo babaze ibibazo, n’abo babashe kubishura.

Yagize Ati :”… Kuberiki n’abo badashaka Kuza kutubaza, bafise complex d’inferiorite. Kuko jewe kugira ngere aho ndi, nuko kenshi mpora mbaza. Je singira isoni ryo kubaza, nzi ko hari experience nogukurako, ndakwegera nkakubaza.”

Yongerako ngo :” … jewe ndazi ko hariho ikintu woba undusha. Naho noba ndakurusha ama Success angana gute,hariho ikintu kidasanzwe umuntu aba afise muriwe. Ndakwegera nkakubaza nti mbega wakoze gute kugira iki kintu kibe uku n’uku n’uku”

Aheza agira ati :” Ariko abandi babonye bavuga Oya koba Ari akagaye.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757