abakinyi bakina hanzehomepage

Umutima wo gufasha ntiwingingwa

Uko niko Jules Irankunda avuga Inyuma yaho yarahejeje gusangira n’abana bantaho nikora n’abagendana ubumuga bwo mu mutwe barerewe mu kigo kiri muri karitiye ya Jabe mu gisagara ca Bujumbura mu guhimbaza isabukuru ry’amavuka yiwe kuri uyu wa gatanu.

Uyo murundi asanzwe ari nawe yatanguje izina “26life” ryamenyekanye cane mu gikorwa cogufasha abaririmvyi kugira ibikorwa vyabo bitere imbere.

Bamwe mubamaze gushigikirwa n’uyo murundi asanzwe aba mu America nkuko ubwabo bavyemeza nka Fabilove,Bainturo,Alvin smith,Ni peace n’abandi

26life imaze amezi agera Kuri 7 itanguye gukora k’umugaragaro. Ubu ikaba imaze gushigikira bamwe mubaririmvyi b’abarundi mukubakorera ama video meza. Muri abo,
Umuririmvyi amaze kumenyekana yuko bariko barakorana banafitanye amasezerano ni Alvin smith ,abandi akaba abikora muburyo bwokubafasha gusa nkuko, wenyene yabishikirije mu kiganiro Indundi hits show ca Radio Indundi Culture

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769