BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Imiliyoni 50 zahawe Olegue zateje uruhagarara

Abatari bake barimwo Alvin Smith na Didier Kiss bahakanye bivuye inyuma ko imiliyoni 50 zavuzwe ko zahawe Olegue ngo atarivyo na gato.

Impari ni zose ku mafaranga imiliyoni 50 vyavuzwe ko zahawe Olegue mu masezerano n’ishirahamwe First Travel Agencies rikora ibikorwa vyo gufasha abantu kuronka amatike y’indege.

Bamwe bakaba babona ko uwo muririmvyi ata mafaranga angana uko yabashije guhabwa, ahubwo ivyakozwe ngo vyoba ari inkinamico gusa.

Muri ico gihe nyene, hakaba hari n’abandi nka Landry Promoter bemeza ko ayo mafaranga imiliyoni 50 zahawe Olegue ari make ugereranije n’urwego uwo musore yaheruka mw’ibuye agezeko.

Mu babashije kugira ico babivugako rero bakaba bagarukanyemwo umuririmvyi Sat-b, aho ivya Olegue n’iyo Agence de Voyage, babifatanije n’ivyabaye hagati ya Sat-b na Royal, uruganda ruhingura inzoga aho bavuga ko bagiriraniye amasezerano y’imiliyoni 100 na Sat-b.

Ivugwa ry’ayo mafaranga imiliyoni 50 rero rikaba ryateje uruhagarara, kuko hariho abatavyerekwa kuko nk’uko nari nabibabwiye bavuga ko atawabashije kuyahabwa.

Bamwe barimwo nka Alvin Smith bakaba babona ko abaririmvyi bohagarika ububeshi, akaba yamenyesheje ko bitoroha ko umuntu agushigikira mu gihe amaze kwumva ko kumufuko hahagaze neza.

Si uyo gusa kuko na Didier Kiss umwe mu barundi baba muri Canada ashigikira akatari gake ibikorwa vy’umuziki, avuga ko bitoroha ko umuntu afise Deal y’amafaranga make kuri ayo ngo akwegera kuko uba werekanye ko ugeze ku rundi rwego.

Alvin muri Commentaire yashize ku rubuga rwa Facebook rwa Landry Promoter, yavuze ko ubwo bubeshi bumaze gukorwa n’abatari bake barimwo na Sat-b ngo bwohagarara kuko ngo ng’aho hanze barabatwenga.

Naho havugwa ayo mafaranga imiliyoni 50, mu kiganiro twabashikirije kubona, bose banse kuvuga igihe amasezerano azomara, banse kandi kuvuga n’igitigiri cahawe uwo muririmvyi eka mbere n’uko azoza arayaronka.

N’aho barigumyeko Olegue we kakaba kamucorotse avuga ko amafaranga atazoyaronkera rimwe, ahubwo azoyahabwa mu mice, n’aho atabashije kuvuga imice ingahe, canke igihe kizoca hagati y’umuce n’uwundi.

Muri ico kiganiro nyene, ntihavuzwe akazi uwo muririmvyi azoba ajejwe gukora, co kimwe n’ico iryo shirahamwe ryemeye kuzokorera uwo muririmvyi muri ico gihe cose bazomara bafitaniye amasezerano.

Ariko ibizwi ko bikunze gusabwa abaririmvyi mu masezerano nk’ayo, ni ikiroshwa ryiwe mu bikorwa vyo kwamamaza ayo mashirahamwe, birimwo gushirwa ku mabarabara, mu matangazo yo kwamamaza, n’ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi z’uwo muririmvyi kugira abashe kumenyekanisha iryo shirahamwe.

Muri ico gipfungu rero tukaba twagerageje kuraba uko amafaranga nk’ayo umuntu yoyarihwa mu gihe kiri hagati y’umwaka n’imyaka 5 y’amasezerano.

Ari nka hamwe ayo mafaranga imiliyoni 50 zoba arizo yahawe, agahabwa amasezerano y’umwaka, Olegue yohembwa imiliyoni 4 n’ibuhumbi 166 buri kwezi.

Amasezerano ashizwe ku myaka ibiri, Uwo mwanditsi wa Délegué Général yoca ahembwa buri kwezi imiliyoni 2 n’ibihumbi 83.

Amasezerano ashizwe ku myaka 3, Olegue yohembwa umuliyoni n’ibihumbi 388 buri kwezi muri ico kiringo.

Ashizwe ku myaka 4, Olegue yoca ahembwa umuliyoni n’ibihumbi 46 vy’amafaranga ya hano iwacu.

Nayo amasezerano ashizwe ku myaka 5, amafaranga akaba ca aja musi y’umiliyoni buri kwezi, Aho aca ngaha n’ibihumbi 833 buri kwezi muri ico kiringo cose.

Iyo nkuru ya Olegue n’imiliyoni 50, ikaba yibutsa imiliyoni 100 zavuzwe ko zahawe umuririmvyi Sat-b n’ishirahamwe rihingura inzoga, aho abantu bari bakomye amashi ariko ivyiza bihagera hejuru, kuko na Sat-b ubwiwe atigeze agira ico avuga kw’ibura ry’ivyo iryo shirahamwe ryari ryemereye uwo muririmvyi, birimwo ama Collabo akomeye n’imodoka nziza.

Gushika ubu rero hakaba hakiriho igipfungu cinshi cane kuri ayo masezerano ari hagati y’uwo muririmvyi hamwe n’iryo shirahamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775