East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Impari ni zose Ku mwigeme azokwakira Diamond Platnumz

Umwigeme azakira Diamond Platnumz avuye I Bujumbura ntaramenyekana.  Impari rero ni zose Ku mbuga ngurukanabumenyi kuri uwo mwigeme ashobora kuzomwakira.

Impari ni zose Ku mbuga ngurukanabumenyi I Kigali kubera umukobwa ashobora kuzakira umuririmvyi Diamond Platnumz aho azoba aramutse agiye kuhakorera igiteramo.

Abakobwa bamaze kuvurwa, hakaba harimwo umwigeme yavuzwe cane gukundana n’umukinyi w’umunya Nigeria akinira I Kigali, uwo nawe ni Strawberry.

Uwundi mwigeme ariko aravurwa n’umwe muri 5 batowe muri Miss Rwanda 2019, uwo nawe ni Miss Muyango yabaye Miss Photogenic 2019.

Mu bariko baravurwa ntiharumvikana Shabby Boo azwi ko kugiriranira imigenderanire myiza n’uwo muririmvyi, kuko vyanavuzwe cane ko yoba ariwe yamwakiriye I Kigali aho ahaheruka.

Uwo muririmvyi akaba yitezwe I Kigali inyuma y’ugukora igiteramo I Bujumbura igenekerezo rya 27/7 I Bujumbura muri ETS kamenge aho hazoba haramutse haba igice ca Nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769