bp-members-invitationgroups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSportvolleyball

Imvukira za Musaga zateguye urukino

 

Mu ntumbero yo kwerekana ingabire volley ball yakuye mu matuta “pépinière” , imvukira za Musaga zirikumwe n’urwaruka rukina volleyball barategakanije urukino ruzohuza abavuka muri zone ya Musaga  bakazotana mu mitwe n’abavuye mu yindi mihingo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Rusama 2020 ku kibuga bita parquet nkuko twabishikirijwe n’uwatanze ico ciyumviro akaba igihangange muri volley ball Ntwari Duc Trésor.

Ayo matuta yatangujwe ku Musaga muri 1996 akaba yararamuriye igihugu cane binatuma volley ball itera imbere.Indundi sports yegeranije abakinyi bazokina iryo higanwa.

Musaga all stars igizwe n’abo bakinyi:

coach:Niyongabo Charles de Bisoro VC

Amical: Aubin ,gylain,rugamba ,Yvan,paterne

Rukinzo:Jospin,Patrick,Yvan,darel, fiston,Rodrigue,ntwari ,Eric

Muzinga:Emery

BUN :Jean de dieu

All stars y’abavuye mu mihingo yindi i Bujumbura igizwe naba:

Coach :Iradukunda Innocent

Passeur :Axel kamwanga (amical) ;Bruce (bisoro );Samuel (gacosmos)

Abakina ku mpande:Dorcel ( Bisoro) ;Richard Yaka (Gacosmos) ;Paterne (muzinga);Irangabiye Evrard (amical);Beruburundi donard(gacosmos) ;Yves (gacosmos).

Pointeur :Nderagakura sixte (amical) ;Olivier (BUN) umwe mugufi.

Hagati:Hugues ( rukinzo);Israël nkamicaniye (amical) ;Eric gacara  (gacosmos);Chantrel (Rukinzo)Libero;Innocent alias yao  (rukinzo);Alain (amical);Bienvenue (Rukinzo).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 883