BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Inda n’ukutagira amikoro, intambamyi ku baririmvyikazi – Meili

Inda ni kimwe mu bibazo abakobwa b’abaririmvyikazi bashobora guhura navyo, nk’inzitizi zibatera kudatera imbere mu bikorwa vyabo vy’umuziki. Bikaba biheruka gushikirizwa na Meili ubwiwe.

Uwo muririmvyikazi aheruka gukorera urugendo mu gihugu c’Ubugande, akahakorera indirimbo inakunzwe na benshi yise Mine yakoranye n’umwe mu baririmvyi b’ibihangange muri ico gihugu ariwe Benda Ykee, yerekanye kimwe mu bituma abaririmvyikazi bataba benshi hano iwacu.

Mu kiganiro na Juste Gael, Meili yavuze ko ibura ry’ayandi mikoro ku baririmvyikazi abatuma bashobora kwikorera amasanamu y’indirimbo kuko zibatwara uburyo butari buke, ari imwe mu ntambanyi zituma bashobora guhura n’ababatera ibibazo gusa.

Yagize ati :”Challenge ni nyinshi uri umukobwa, nka twebwe ama videos, ama audios dukora n’ibintu bisaba uburyo, donc udasanzwe ufise iyindi revenue, canke abandi bantu bagushigikira, uwo wese uzokwitura azokubwira ati wewe ingo rero ndagufashe, ugasanga ashaka kugu profita, canke vyukuri ntashaka kugufasha. Muri ivyo bintu wavuze vy’ama awards (Inda) ugasanga nivyo biciye bizamwo, kuko irya awards umaze kuyitwara, uca umara nk’ikiringo c’umwaka n’inusu wicaye.”

Uwo muririmvyikazi naho wumva bahura n’ibibazo bitari bike, akaba avuga ko mu gihe umuntu aba yafashe umuziki nk’akazi, ngo nta kimuzibira, aragwana, naho ibintu biba vyanse aguma agerageza gushika ashitse ku co yipfuza.

Mwomenya ko Meili amaze amezi adashika kuri 24 atanguye gukora umuziki nk’akazi, kuko mu bushinwa aho yari kw’ishure ngo yawukora nk’ukwiryohera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775