homepagekirundikirundi_Sports

Imigwi Vital’o Fc na Inter Star yaraye inganije igitsindo 1-1

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 13 Gitugutu isaha icumi 16h00 ku kibuga c’intwari niho haba urukino rukomeye cane rw’indwi ya 10 y’ihiganwa rya Primus league rwahuza imigwi ibiri idacana uwaka ariyo Vital’o fc hamwe na Inter Star.

Ni urukino rwari rwitabiriwe n’isinzi ry’abantu bivanye n’uko ariyo migwi ya mbere ifise abakunzi benshi mu gisagara ca Bujumbura ndetse no hagati mu gihugu.

Ku munota wa 28 umusatirizi wa Vital’o Fc Dusabe Olivier yahushije igitsindo ahawe umupira mwiza na Asman Akbar .

Inter Star nabo baronse akaryo ko gutsinda igitsindo ku mupira Abdoulrahman yari yahawe na Blaise umupira awauduza hejuru y’igori ry’umunyezamu wa Vital’o Joseph.

Iyo migwi ibiri ikaba yaciye ija kuruhuka igice cambere inganije 0-0 ata buryo bw’inshi bwo gutsinda bwagiye bwibonekeza .

Igice ca kabiri gitanguye abakinyi bo hagati b’umugwi wa Inter Star bamize abakinyi ba Vital’o Fc cane cane uwitwa Hamza Ndikumana yerekanye urukino rwiza cane hagati mu kibuga abifashijwe na Tambwe Floribert umukinyi wa kera w’umugwi wa Vital’o Fc muri kino gihe akina muri Inter Star .

Ku munota wa 58 umugwi Inter Star waronse Corner abakinyi ba Vital’o baragerageza kuzibira umupira ariko uwitwa Blaise abona gutera umupira mw’igori ubanza kugonga kw’ipoto ry’umunyezamu wa Vital’o Fc Joseph igitsindo cambere ca Inter Star kiba kirabonetse.

Vital’o Fc ntiyigeze icika intege yaragerageje gusatiriza umugwi wa Inter Star gushika ku munota wa 79 umukinyi Nzeyimana Djuma yarateye umupira muremure awutumbereza kuri Asman Akbar niho guca asunikwa muri Surface n’uwitwa Issa umuhagarikizi aca arabahana baba baronse penariti iza kwinjizwa na Djuma Nzeyimana vital’o iba igomboye igitsindo babona kunganya 1-1.

Inter Star yaragerageje kurondera ikindi gitsindo ariko basanga ba myungariro ba Vital’o Fc bahagaze neza, iminota 90 y’urukino iba irarangiye banganije igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871