BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Indirimbo 3 ku 2,000,000 fbu

Indirimbo 3 zanditse ngo zashizwe kw’isoko ku mafaranga angana n’Imiliyoni 2 z’amafaranga ya hano iwacu.

Ivy’igurishwa ry’izo ndirimbo 3, bikaba vyashikirijwe na Dj Oli umwe mu baririmvyi ba hano iwacu, Aho yamenyesheje ko abazishaka bomurondera.

Dj Oli akaba atamenyesheje vyinshi kuri izo ndirimbo, umudiho zirimwo, ubutumwa burimwo, ubwo akaba ashobora kuba Ari amakuru y’ibanga amenywa n’uwuzishaka.

Ivyo biciro bikaba bitari bwashirwe ahabona hano iwacu, ku basanzwe bandika Indirimbo bakazigurisha.

I Kigali hakaba ariho hari hamenyekanye ko uwitwa Niyo Bosco yandikira Indirimbo amafaranga angana n’ibihumbi 800 angana n’Imiliyoni 2 n’ibihumbi 400 vya hano iwacu, akaba ayiguha n’umudiho yahejeje kuwukosora, ahubwo we usubiramwo ivyo yakoze gusa.

Ivyo biciro mwe mubibona gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775