BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Indirimbo ya Mow Kanzie na Olegue yamaze kwemerwa. None ni ryari?

 

Indirimbo hagati ya Mow Kanzie na Olegue ngo irashobora kuboneka mu misi ya vuba, ivyo n’ibiheruka kwemerwa n’abo baririmvyi bose uko ari 2 biciye ku mbuga ngurukanabumenyi za Instagram basanzwe bakoresha.

Hari ku musi wa kane aho umuririmvyikazi Mow Kanzie yishura ibibazo ku rubuga rwa Instagram  aho yari yabajijwe ku kibazo c’ugukorana na O.L.G Olegue, bavuga ko indirimbo yoba nziza, uwo muririmvyikazi yishura mu majambo yiwe ko ico ciyumviro acemeye.

Yavuze ati : ” Cane gose Ndagura 😍🔥@o.l.g_olegue”. 

Olegue nawe ntiyaretse guhezagira ico ciyumviro aho nawe yaciye amusaba kunyaragasa bakaja ku kivi kugira ico abo bakunzi babo basavye bagishire mu ngiro.

Olegue nawe yagize ati : ” Nyaruka ibeni itaruzura tuje ku kivi” 

Ariko naho wumva ubwo busabwe bwahezagiwe n’abo baririmvyi bose uko ari 2,  bose baheruka kumenyesha ko hari ibikorwa vyabo bisanzwe biri mu bubiko, bishoboka ko iyo ndirimbo yabo idashoboka muri iyi misi ya Vuba. Aho bica bisaba kwihangana. None mumbonera bizohava bigenda gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775