BurundiAkes DonEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Indirimbo ya Sat-b na Meddy niyasohoka ngo bizobabera inyungu bose

Mu gihe wandaboy avuga ko indirimbo ya Sat-b na Meddy aribo bayifise, Sat-b we avuga ko iyo ndirimbo itarahera, ahubwo ngo agiye kuyiherahereza i Kigali mu Rwanda.

Sat-b avuga ko ivyo ari ivyo baheruka kuganira na Meddy ubwiwe nkuko yabiyagiye ikinyamakuru Inyarwanda. Sat-b akavuga ko n’amasanamu azoheza agaca afatirwa muri ico gihugu kiramutswa SE Kagame, aho izokorwa na Neddy Saleh.

Sat-b avuga kandi ko iyo ndirimbo ishobora kuzoja mu rukurikirane azoshira ahabona muri uno mwaka wa 2019, nka hamwe iramutse iherahejwe. Aho akaba yagiriyeko anavuga ko azorukorera igiteramo i Bujumbura, co kimwe n’i Kigali, nka hamwe iramutse irangijwe gukorwa.

Sat-b yabwiye ico kinyamakuru ko uwo muziki uzobafasha bose kuko kuri Sat-b uzomufasha kumenyekana mu bindi bihugu atumvikanamwo ariko meddy asanzwe yumvikanamwo. Ariko na Meddy ngo bizomufasha kandi gusubira kwigarurira imitima ya bamwe mu bakunzi biwe bari i Burundi.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo iri mu zari zakozwe musi y’uburongozi bw’inzu zibiri zirimwo Empire Avemue hamwe na Trust no Body.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776